Abarenga 1.000.000 barahunga gute mu masaha atarenze 24 bakoresheje ibarabara rimwe gusa?

author
0 minutes, 36 seconds Read

Abarenga 1.000.000 barahunga gute mu masaha atarenze 24 bakoresheje ibarabara rimwe gusa?

Aho hantu hangana gute?

Ico gice co muri Gaza aho Israel yabwiye abantu guhunga mu masaha atarenze 24 kingana n’ica gatatu c’iyo ntara – mu buraruko bw’umugende w’amazi uzwi nka Wadi Gaza, uca mu mwaba utagutse ahanini ugizwe n’ubutaka bwo kurimamwo.

Ingingo yo guhunga yerekeye igisagara cose ca Gaza (Gaza Ville/Gaza City) n’amakambi abiri y’impunzi, Jabalya na Beach Camp. Iraba kandi ibisagara vya Beit Hanoun na Beit Lahia, vyose bikora kw’ijabukiro rya Erez ku mpera z’uburaruko bwa Gaza.

Ubifatiye hamwe, ivyo bice vyose biri mu vya mbere bibamwo abantu benshi cane kurusha ahandi muri Gaza.

Habayo abantu bangana gute?

Abantu batari munsi ya miriyoni imwe n’ibihumbi ijana (1.100.000) baba muri ico gice cerekewe n’iyo ngingo. Igisagara ca Gaza kibamwo abantu 600.000. Ikambi ya Beach irimwo hafi abantu 90.000 n’ayo iya Jabalya, ari nayo ya mbere nini muri Gaza, irimwo abantu 116.000.

Aho hantu hari ibitaro bitari munsi ya bitandatu (6), hamwe n’amavuriro y’intango arenga cumi (10).

None abantu basohoka gute?

Abantu bafashe ibarabara ikivunga nta kibuza kaja kuba akajagari kandi bigorane cane. Hari ibarabara rimwe rudende riva mu buraruko rija mu bumanuko, kandi niryo abantu bose bitezwe gufata.

Ibitoro ni bike cane, amabarabara yo mu gisagara ca Gaza nayo asanzwe yuzuye ivyabomaguwe, kandi nta kimenyetso ko ibitero vy’indege vya Israel vyahagaze kugira hatangure igikorwa co kuvanayo abantu.

Mu mafoto: Abanya-Gaza bariko barahunga ingo zabo

Mu bahunga harimwo abana benshi. Hafi 50 kw’ijana y’abanya-Gaza bafise munsi y’imyaka 18.

 

Similar Posts

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *